Amakuru Yose

Amakuru Yose Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Amakuru Yose, Grocers, Kigali.

⚡ Muri iki gihe hibonekeza icikagurika ridasanzwe ry’umuyagankuba, bamwe mu bakenyezi bahurikiye mu mugambi   barahanzwe...
20/10/2026

⚡ Muri iki gihe hibonekeza icikagurika ridasanzwe ry’umuyagankuba, bamwe mu bakenyezi bahurikiye mu mugambi barahanzwe n’ubukene

☝🏻Bano bakenyezi bidoga ko badashobora gutora amafaranga baronswa biciye mu mugambi Merankabandi kubera ubuhinga bwa none bakoresha butariko buraborohereza.

✍️ Abo bakenyezi baronswa imfashanyo mu mugambi Merankabandi bo mu karere ka Rumonge, bagizwe ahanini na ba ntahonikora. Uwo mugambi ubaronsa buri mezi abiri amafaranga ibihumbi 72, batora biciye ku buhinga bwa Pesa Flash

😌 Zimwe mu ntambamyi bavuga ko bafise muri kino gihe ni icikagurika ry'umuyagankuba rituma badashobora gutora ayo mafaranga ngo bashobore kurangura imigambi yo kwiteza imbere.

🫣 Iryo cikagurika ry’umuyagankuba rituma abo bubakanye batabatahura, aho biyumvira ko boba bayakoresha ico atagenewe. Abo bakenyezi basaba ko ico kibazo c’ubukene bw’umuyagankuba cotorerwa umuti.

💬 Cyriaque Horugavye, aserukira umugambi Merankabandi mu karere ka Rumonge aremeza ko ico kibazo bakizi akavuga ko bamaze kugishikana ku nzego zo hejuru.

🙏Horugavye yizeza abahurikiye mu mugambi Merankabandi ko ico kibazo kigiye kwigwa maze ibikorwa bigasubira kubandanya ukwo vyahora.

🔢 Umugambi Merankabandi watangujwe mu Burundi mu mwaka w’2017, ufasha imiryango irenga ibihumbi 250, nk’uko ibiharuro bitangwa n’uwo mugambi uvyemeza..

Attaque de Kotserehe : le général Joseph Nouma, entouré des chefs militaires, au chevet des victimesLe Général de brigad...
20/10/2026

Attaque de Kotserehe : le général Joseph Nouma, entouré des chefs militaires, au chevet des victimes

Le Général de brigade Joseph Nouma, commandant de la 4e Région militaire interarmées (RMIA4), s'est rendu ce 20 octobre 2026 à Kotserehe, dans le Mayo-Sava, auprès des populations frappées par l'attaque de Boko Haram survenue dans la nuit du 17 octobre. Il était accompagné du commandant de la Légion de gendarmerie de l'Extrême-Nord, Mouhamat Youssoufou, du colonel commandant la BRIM, du commandant du 42e Bataillon d'infanterie motorisée, du sous-préfet de Mora et du commandant de compagnie du Mayo-Sava.

L'attaque a fait deux morts, dont le chef du village de Kotserehe. Près de trente maisons ont été incendiées et du bétail emporté. La délégation a réaffirmé la détermination de l'État à protéger les populations, et un renfort en hommes a été décidé sur place.

Lors de la séance de travail, le maire de Mora, Chetima Hamidou, a insisté sur la nécessité de renforcer les postes de Kotserehe, Malika et Godjimdele, de réhabiliter ceux de Kassa, Guirbala et Kangaleri, et de créer de nouveaux postes à Igawa Doulo et à Gazla.

Dès le 19 octobre, le maire s'était rendu au chevet des sinistrés avec le questeur. Il leur a remis des pagnes, des nattes, des seaux, des gobelets et des sandales.

Installé à la tête de la RMIA4 le 14 août dernier, le général Nouma confirme, par cette visite, la proximité de l'armée avec les populations et son engagement dans la lutte contre le terrorisme.

Baba info. Mra Ministère de la Défense du Cameroun
Commune de Mora

‎🚣‍♀️ Amazi ya   mu biganiro hagati ya Ndayishimiye na Al-Sissi‎----------------------------------‎🇧🇮🤝🇪🇬 Umukuru w’igihu...
05/10/2026

‎🚣‍♀️ Amazi ya mu biganiro hagati ya Ndayishimiye na Al-Sissi
‎----------------------------------
‎🇧🇮🤝🇪🇬 Umukuru w’igihugu c’Uburundi Évariste Ndayishimiye yaragiraniye umubonano na mugenzi we wa Abdel Fattah Al-Sissi, i Nouvelle Alamein, mu gihe yari yitavye inama ya Forum Afrique-Alamein
‎
‎🎙️ Aba bakuru b’ibihugu bompi baraganiriye ku bijanye n’imigenderanire hagati y’Uburundi na Misiri, hamwe n’ukuntu ubufatanyabikorwa hagati y’ibihugu bibiri bwokomezwa
‎
‎🌱 Mu vyaganiriwe harimwo ibisata vy’uburimyi, kuvomera imirima ( ), amazi, inyubako, amagara y'abantu, n'ibindi
‎
‎🌊 Ikibazo c’amazi yo mu ruzi rwa Nil na co caravuzweko. Ku bijanye n’ayo mazi, Ndayishimiye ashimikira ku k**aro ko kuganira, gukorana no kurondera umwumvikano hagati y’ibihugu bisangiye ayo mazi, kugira ngo akoreshwe mu buryo bwiza kandi butanga inyungu kuri bose
‎
‎📌 Uwo mubonano wabaye ku ruhande rw’inama ya mbere ya Forum Afrique-Alamein, yibanze ku bijanye n'ukuzana imitahe, ubudandaji n’ugushira mu ngiro imigambi igamije guteza imbere Afrika
‎
‎✍️ Ico kumenya, aya mazi ya Nil atunze abatari bake. Amazi bivugwa ko akomoka mu Burundi, aca mu bihugu bitari bike nka
‎Ouganda, Sud-Sudan, Soudan na Misiri (Égypte)
‎
‎💧Aya mazi ya Nil ni isôko rikomeye ry’ubuzima n’ubutunzi kuri Misiri, cane cane mu burimyi, gutanga amazi ku banyagihugu, umuyagankuba n’ibikorwa vy’ubutunzi
‎
‎📊 Ishirahamwe riraba ibijanye n’ibifungurwa n’uburimyi ( : Organisation des Nations unies pour l’alimentation et l’agriculture), rivuga ko Misiri ibeshwaho n'uruzi Nil ku rugero rwa 97% kubera amazi ikoresha

  Amwe mumasanamu yaranze ibikorwa rusangi vyabereye muri zone   komine   intara ya   ku mutumba   kw'igenekerezo rya 19...
20/09/2026

Amwe mumasanamu yaranze ibikorwa rusangi vyabereye muri zone komine intara ya ku mutumba kw'igenekerezo rya 19 Nyakanga 2026.
Tubiyage média iriho kubwanyu.
Présidence - République du Burundi
Province Gitega J.P.G

🏀Umutambukanyi w’ umukuru w’ igihugu yifadikanije n’ abanyabujumbura mu bikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu.Ivyo b...
20/09/2026

🏀Umutambukanyi w’ umukuru w’ igihugu yifadikanije n’ abanyabujumbura mu bikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu.Ivyo bikorwa vy’ iterambere rusangi vyabereye ku mahwane y’ amabarabara aja ku kibuga c’ indege citiriwe Melchior Ndadaye ahariko hubakwa ishusho y’ umutimbo, izoba iranga igihugu.

🥎Umutambukanyi w’ umukuru w’ igihugu, Angeline Ndayishimiye akaba yavuze ko yifadikanije n’ abandi muri ivyo bikorwa rusangi kugira bashire inguvu hamwe muri ivyo bikorwa bizoha ishusho nziza Uburundi.Akavuga ko yifuza ko uwu mwaka w’ 2026 worangira ibikorwa vyo kwubaka iyo shusho ndangagihugu vyaheze.Angeline Ndayishimiye akavuga ko abicishije muri Fondation Bonne action Umugiraneza arongoye azobandanya guterera kugira igisagara ca Bujumbura, n’ Uburundi muri rusangi buboneke neza.

🟣Uwo mugambi w’ umutambukanyi w umukuru w’ igihugu wo guterera mu guha ishusho nziza igihugu uje wiyongera kuyindi migambi yiwe ijanye n isuku aha twovuga nk’ umugambi wo gusukura ibisagara bita Zero dechet.

Le journaliste indépendant

 : Ubuhinga bwo gukingira uruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira buguma bwiyongeraMu gihe turi mu gihe c'ici,  insamirizi...
23/07/2026

: Ubuhinga bwo gukingira uruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira buguma bwiyongera

Mu gihe turi mu gihe c'ici, insamirizi n'imboneshakure vy'Uburundi (RTNB) vyarishikiye mu ruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira kugira bimenye ingene rukingiwe, kuko urwo ruhongore rusanzwe rufitiye ak**aro kanini igihugu n'abenegihugu.

Abel Nteziryayo ajejwe urwo ruhongore yabwiye "RTNB" ko mu gukingira urwo ruhongore, muri ino misi hariho umugambi uriko urashirwa mu ngiro n'umugambi w'ishirahamwe mpuzamakungu "ONU" ujejwe iterambere "PNUD" ufasha gushinga uburimbi butazimangana (bornes) bw'urwo ruhongore. Ngo hariho n'uwundi mugambi w'uko abenegihugu baca imiciro ahashinzwe bwa burimbi hanyuma bagaterako n'ibiti kugira urubibe rugume ruboneka ntihagire abavogera urwo ruhongore.

Abel Nteziryayo avuga ko hari n'abakozi bariko barakurikirana inyigisho zerekeye gukoresha ibikoresho vy'ubuhinga bwa none mu bijanye no gukingira urwo ruhongore, aho ngo abakozi bajejwe gucungera urwo ruhongore bazokurikiranwa aho bazoba bageze hose.

Uwo ajejwe urwo ruhongore atomora ko haheze imyaka yababa 10 atamiriro yiyadukiza mu , bivanye n'uko abajejwe intwaro, abenegihugu hamwe n'abajejwe gukingira ibidukikije, basanzwe basenyera ku mugozi umwe.

Nteziryayo amenyesha ko bimwe mu bibangamiye urwo ruhongore rwa Kibira ari ukuntu abenegihugu bajayo kurondera imigano canke abatema ibiti barondera inkwi, abashobora kuja kwimbayo ubutare. Iyo ngo hagize uwufatwa naho ngo arahanwa hisunzwe amategeko.

Avuga ko urwo ruhongore rurimwo ibinyabuzima bitari bike harimwo n'ibifasha abenegihugu nk'imiti k**a, imbiga, ivyamwa, ibizinu, n'ibindi. Mbere ngo hari n'inzuzi nyinshi zifise amasoko muri urwo ruhongore, akavuga ko Kibira ari ikigega c'amazi c'Uburundi. Eka ngo nk'abantu bo mu kiyaya ca Rusizi barima umuceri, amazi afasha imirima yabo ngo ava mu Kibira.

Uruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira ngo rufise uburinganire bwa hegitari 40.000, nk'ukwo itegeko ry'Umukuru w'igihugu inomero 100/282 ryo ku wa 14 Munyonyo 2011 rihindura ingingo zimwe zimwe mu ngingo z'itegeko inomero 100/007 ryo ku wa 25 Nzero 2000 rishinga imbibe z'uruhongore k**a rw'igihugu n'imbibe z'uturere tune k**a dukingiwe ribivuga.

Bamwe mu rwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura babona ko gutegura imanza cane cane nk'ubugeni muri kino gihe bitwara ubur...
22/07/2026

Bamwe mu rwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura babona ko gutegura imanza cane cane nk'ubugeni muri kino gihe bitwara uburyo bwinshi. Ngo hari rero abo usanga bipfuza gukora ibirengeye uburyo bafise. Bashikiriza ko hari n’abafata amadeni. Ku bwabo, hari aho usanga umengo ni ihiganwa. Umuntu agira akiyumvira ngo ntagize birya bazonkengera, bazonsuzugura. Bamenyesha rero ko ivyo bica bija mu binaniza abategura imanza.

Abo banyagihugu banegura ko hari aho wisanga mu murwi w’abantu 500 barutegura. Babona ko ico gitigiri baba batakiri abategura gusa ahubwo baba bashizwemwo ngo bazoterere. Basanga abageni boza barumvikana hagati yabo, bagakora ibihwanye n’ubushobozi bafise. Basigura ko vyobarinda ingaruka mbi ku mubano wabo w'inyuma y'urubanza. Ikindi bavuga ni abavyeyi rimwe na rimwe bivanga mu nteguro z’urubanza rw’abana babo. Bashikiriza ko bishika bakanasaba inkwano y’umurengera ku mwigeme kandi umuhungu bipfuza kubana afise ububayabaye.

Umwigisha yigisha ivy’imibano muri kaminuza asigura ko uko vyari kera atariko bikiri. Ngo nyene urubanza yarutegura abantu yatumiye bakaza yateguye kubazimana, bamuterera canke batamuterera. Didace Ndayikengurukiye avuga ariko ko ubu hari abaterereza umuntu kugira abafashe ivy’urubanza, bazokore ivyo bakeneye nko gukota imodoka, aho urubanza rubera n’ibindi. Ku bwiwe, birimwo ‘ukugorana’ kubera ubukene buhari. Ashikiriza ko ubu abantu bitaho ivy’amafaranga gusa, ku buryo umuntu yopfuma asiba mu rubanza ariko aguterere.

Uwo migisha yemeza ko ivyo hari ico vyica mu kibano. Amenyesha ko hari aho biba nk’umutwaro ku muntu canke bikavyura urwanko. Nk’umuntu ataguterereye mu rubanza ukabona ko ari umwansi kandi ashobora nawe kuba yari afise ibimugoye. Ahamagarira abantu gukora imanza zingana n’uburyo bafise, batumire abantu bashobora kwakira naho batoba babaterereye. Anegura ko zimwe mu manza ubu zabaye ibirori gusa, hari n’izindi zitari mu migenzo abantu bazanye kubera bazibonye ahandi. Abona ko bojana n’ibihe ntibabandanye bakoresha uburyo bwinshi.

Abarongoye amakomine mu ntara zitandukanye baherutse kugabanya igiciro c’inyama. Nko muri komine Ntahangwa mu ntara ya B...
22/07/2026

Abarongoye amakomine mu ntara zitandukanye baherutse kugabanya igiciro c’inyama. Nko muri komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura, musitanteri yashinze ko kuva kuri uyu wa 20 Mukakaro ikiro c'umusoso kigurwa ibihumbi 30 kivuye ku bihumbi 35. Izirimwo amagufa bita cangacanga nazo ibihumbi 25 cahora ku 30. No muri komine Bubanza harashinzwe ibiciro bishasha. Ikiro c’umusoso w’inka cashizwe ku bihumbi 24 cahora kigurwa hagati y’ibihumbi 28 na 30. Ku bw’iyo ngingo, cangacanga yavuye ku bihumbi 18 canke 20 ija ku bihumbi 15.

N’ibiciro vy’inyama y’impene n’ingurube vyaragabanijwe. Eka n’ic’izokeje ziri ku mugeto bamwe bita mushikake caragabanuwe aho i Bubanza. Cashizwe kuri 3500 yahora ari 5000. No muri komine Bururi mu ntara ya Burunga ntibasigaye inyuma. Umusoso washizwe ku bihumbi 22 wahora ku yari hagati y’ibihumbi 25 na 26. Umugeto wavuye ku 4000 uja ku 2.500. Ingingo nk’izo zarafashwe na ba musitanteri b’amakomine ya Bugendana (Gitega), Gisuru (Buhumuza), Ngozi (Butanyerera) n’ahandi.

Abafata izo ngingo basigura ko bisunze ko n’ibitungwa vyazimbutse ku masoko. Nk'inka yahora ku miriyoni 8 mu minsi iheze ngo isigaye igurwa imiriyoni 5. Abanyagihugu barashima izo ngingo bagasaba ko ibiciro vyo kwubahirizwa. No mw’ishirahamwe riharanira agateka k'abaguzi mu Burundi ABUCO barabishima. Noël Nkurunziza, umunyabanga mukuru waryo anegura ariko ko hariho abajejwe intwaro batarakorora ico giciro. Abona ko coshingwa mu gihugu cose atari mu makomine amwe amwe.

Abarundi basabwa kubandanya kwinonora imitsi kugira bikingire indwara zitandukanye.🏃Kuri uyu wa mbere abari mu murwi Pas...
21/07/2026

Abarundi basabwa kubandanya kwinonora imitsi kugira bikingire indwara zitandukanye.

🏃Kuri uyu wa mbere abari mu murwi Pas à pas wo kwinonora imitsi watangujwe n'umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu baragize urugendo rwo kwinonora imitsi mu ntara ya Bujumbura.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye amenyesha ko uwo murwi Pas à pas uhamagarira abarundi bose kwinonora imitsi kugira birinde, bikingire kandi bivure indwara zitandukanye. Akongerako kandi ko kwinonora imitsi bituma n'umuntu agira umutima mwiza.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye agahamagarira ababishaka bose bumva umugambi wo kugirira neza amagara yabo, kubandanya kwinonora imitsi bongere bagure n'umwambaro wa club Pas à pas kugira baze barinonora imitsi baberewe.

Akaba yaboneyeho akaryo ko kwambika uwo mwambaro umutamakazi batanguranye muri iyo Club Pas à pas afise imyaka 82 ariko ubu akaba aboneka nk'umuntu adafise iyo myaka kuko mu kwinonora imitsi ajana n'abandi bakiri bato.

Akavuga ko yamuguriye uwo mwambaro kuko aho baja hose kwinonora imitsi haba mu ntara zo hagati mu gihugu bama bajana.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu agasaba abarundi bose kwitaho kwinonora imitsi igihe cose bahejeje ibikorwa, ariko avuga ko hatogira abata ibikorwa bajejwe ngo bagiye kwinonora imitsi kuko batangura igihe c'isaha cumi n'imwe z'umuhingamo bahejeje ibindi bikorwa.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye akaba n’umukuru w’umuryango w’Ubumwe bwa   ahejeje gufata urugendo ku...
21/07/2026

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye akaba n’umukuru w’umuryango w’Ubumwe bwa ahejeje gufata urugendo kuri uwu wa 20 Mukakaro 2026 rumushikana i Accra mu gihugu ca Ghana, aho agiye guhagararira inama y’Ubumwe bwa Afrika yerekeye amagara y’abantu.

Address

Kigali

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Amakuru Yose posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category