23/07/2026
: Ubuhinga bwo gukingira uruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira buguma bwiyongera
Mu gihe turi mu gihe c'ici, insamirizi n'imboneshakure vy'Uburundi (RTNB) vyarishikiye mu ruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira kugira bimenye ingene rukingiwe, kuko urwo ruhongore rusanzwe rufitiye ak**aro kanini igihugu n'abenegihugu.
Abel Nteziryayo ajejwe urwo ruhongore yabwiye "RTNB" ko mu gukingira urwo ruhongore, muri ino misi hariho umugambi uriko urashirwa mu ngiro n'umugambi w'ishirahamwe mpuzamakungu "ONU" ujejwe iterambere "PNUD" ufasha gushinga uburimbi butazimangana (bornes) bw'urwo ruhongore. Ngo hariho n'uwundi mugambi w'uko abenegihugu baca imiciro ahashinzwe bwa burimbi hanyuma bagaterako n'ibiti kugira urubibe rugume ruboneka ntihagire abavogera urwo ruhongore.
Abel Nteziryayo avuga ko hari n'abakozi bariko barakurikirana inyigisho zerekeye gukoresha ibikoresho vy'ubuhinga bwa none mu bijanye no gukingira urwo ruhongore, aho ngo abakozi bajejwe gucungera urwo ruhongore bazokurikiranwa aho bazoba bageze hose.
Uwo ajejwe urwo ruhongore atomora ko haheze imyaka yababa 10 atamiriro yiyadukiza mu , bivanye n'uko abajejwe intwaro, abenegihugu hamwe n'abajejwe gukingira ibidukikije, basanzwe basenyera ku mugozi umwe.
Nteziryayo amenyesha ko bimwe mu bibangamiye urwo ruhongore rwa Kibira ari ukuntu abenegihugu bajayo kurondera imigano canke abatema ibiti barondera inkwi, abashobora kuja kwimbayo ubutare. Iyo ngo hagize uwufatwa naho ngo arahanwa hisunzwe amategeko.
Avuga ko urwo ruhongore rurimwo ibinyabuzima bitari bike harimwo n'ibifasha abenegihugu nk'imiti k**a, imbiga, ivyamwa, ibizinu, n'ibindi. Mbere ngo hari n'inzuzi nyinshi zifise amasoko muri urwo ruhongore, akavuga ko Kibira ari ikigega c'amazi c'Uburundi. Eka ngo nk'abantu bo mu kiyaya ca Rusizi barima umuceri, amazi afasha imirima yabo ngo ava mu Kibira.
Uruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira ngo rufise uburinganire bwa hegitari 40.000, nk'ukwo itegeko ry'Umukuru w'igihugu inomero 100/282 ryo ku wa 14 Munyonyo 2011 rihindura ingingo zimwe zimwe mu ngingo z'itegeko inomero 100/007 ryo ku wa 25 Nzero 2000 rishinga imbibe z'uruhongore k**a rw'igihugu n'imbibe z'uturere tune k**a dukingiwe ribivuga.