21/08/2026
๐ "Sinibaza ko umuriro wavuye ku bugizi bwa nabi, kuko hahiye kare ata muntu arinjira indani"
โ๐ผ Ivyo bihejeje gushikirizwa n'icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombaza, ku budandarizo "Galerie Ndayizamba" na "Le Parisien" hazindutse harasha haratokombera ๐ฅ
๐ Amarira niyo arangwa mu bahaburiye utwabo. Bamwe bashaka kwinjira kugira ivyo barokoye, ariko igiporisi n'igisirikare kitabemerera kuko umuriro wari mwinshi cane, inyuma y'amasaha arenga atatu hariko haratokombera. Kizimyamoto zagerageje kuzimya ku mpande, no gukingira inyubakwa ziri iruhande y'ahariko harasha.
๐Nk'isaha zitatu (9h) niho icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombaza, arikumwe n'umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo umutekano, Buramatari w'intara ya Bujumbura na musitanteri wa komine Mukaza, bash*tse muri ico kibanza.
๐ค Mu kiganiro Prosper Bazombaza yahaye abamenyeshamakuru yagize ati : "Ico umuriro wavuyeko ntikiramenyekana, ariko twikeka ko umuriro wavuye kw'ipasi igorora impuzu ikoresha amakara kurya abantu bayegeranya ari menshi, sinshobora kwibaza (je n'ose pas imaginer) ko ari impanuka yavuye ku bugizi bwa nabi, kuko umuriro wadutse mu gitondo ca kare nk'isaha imwe nta muntu yari bwinjire indani."
โ๐พ Nayo ku kibazo c'uko hari aboba bategura guturira amasoko n'ibibanza haheze igihe vyadukamwo umuriro hirya no hino mu gihugu, Prosper Bazombaza ati : "Ntavyo turatohoza turabe ko ari vyo."
๐๐พAriko arakebura ati : "Dusubire kwibutsa abafise ivyo badandaza baje mu ma "assurances" co kimwe na bene amazu adandarizwamwo, hadutse impanuka nk'iyi ego igihugu kirahomba, ariko abahishije utwabo bashumbushwe."
Mwomenya ko gushika muri kano kanya, ata wuramenyekanye yo yahitanywe n'uwo muriro.