Le cil de tous magazine

Le cil de tous magazine Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Le cil de tous magazine, Grocers, [email protected], London.

12/07/2026

*TWENGA UGORORE IMBAVU-IGA*
*INKURU YUMUNSI*😂🤣

Umugore umwe yama abwira Chr wiwe ko amuca inyuma ariko umugabo agaharira. Akama amubwirako atabahabara ajamwo. Gusa umugore akama avuga ati, Chr yamara wewe sindakwizeye kandi ingene wahindutse, biraboneka ko jewe umvanga.

Umugabo akama ahakana ko ivyo bintu atabikora.

Umunsi umwe, uwo mugore, ashaka gukina agakino umugabo wiwe , afata agapapuro yandikako ngo: 👇👇

"Mugabo nakunze, imyaka tubanye si mike, narakwihanganiye muri vyose ariko ubu ndarushe sinkishaka kubana nawe, ushaka urazana uwundi canke uzoze uraja mu MaLaYa" 🥹

Ahejeje kwandika, arushira ku meza urupapuro maze yinyegeza musi y'igitanda😀

Umugabo atashe, atora rwa rupapuro ararusoma, maze atangura gutwenga, no kuvyina 😂

Afata téléphone araterefona, avuga ati: " chouchou Sonia , sinobura kuguha iyi Nkuru nziza🤨 ati rya rigore ryanje ryahukanye ati duhurire ku kabare harya ku mutwenzi, dusangire agacupa hama dutahane😂, Asha ubu naza nagutahukana vyuzuye,nari narabuze igikura ngaha iri shano.

Umugabo asohoka anezerewe 😋. Agiye, umugore ava musi y'igitanda, arira , ababaye cane😭.

Aravye ku meza abona umugabo yanditseko hepfo ku gapapuro ati: " Mama Ciella nkunda❤️😘, amaguru yawe nayabonye musi y'igitanda ati vyuka, ureke iyo mikino, uteke icayi, ngiye kugura umukate ndaje 🤣 🤣🤣

Umugore ngo abone ako gapapuro aca.

🛑Wewe uruwo mugore woca ukoriki?

Jewe Ndabategurira Izi nkuru nitwa #* mwibuke kugumana nanje munshigikira.

*Wibuke gukanda reaction ijanye nuko washimishijwe n'inkuru😍 hama ukore Partage*

12/07/2026

*DUTWENGE GATO, Si week-end none*

Ingene wokwigombora Bagufashe

Umugabo akora amasandugu yajanye isandugu aho bari bayimutumye, n'uko aragenda ageze mu nzira imoto iramupfana🥹

Kuko vyar'ivyihutirwa kandi ata modoka cank'imoto vyari bihari vyo kuyitwara, ahitamwo kubitsa imoto, ayitwara ku mutwe😏

Abapolisi bamubonye baramuhagarika batangura kumubazaguza ibibazo ati: ugiye he? Iyo sandugu irimwo iki?

Wa mugabo abonye ko bagira bamuteshe umwanya ac'ababwira ngo : " aho bampamvye sinahashimye rero ngiye kwihamba aho nshaka" 😀

Agiheza kubivuga , arahindukira aravye abona abapolisi bageze ku musozi wo hakurya, inkoho bataye 🤣🤣🤣🤣🤣🤣

Nduze Volume?

Wagakunze Fyonda Reaction hama Na Partage.

IRI JORO  [ ] Umuriro wadutse ahadandarizwa imbaho i Jabe 02h z'igicugu 🔥 Ahadandarizwa imbaho mu gisagara ca Bujumbura,...
21/06/2026

IRI JORO
[ ] Umuriro wadutse ahadandarizwa imbaho i Jabe 02h z'igicugu

🔥 Ahadandarizwa imbaho mu gisagara ca Bujumbura, mu quartier Jabe hafi ya Église Vivante, hadutse umuriro muri rino joro. Muri kano kanya ico kibanza kibandanya gusha.

📍 Nk'uko amakuru ya mbere turonse abitubwira, jwo muriro wadutse mu ruhande rw'epfo rw'aho hantu, hafi y'ibarabara rya 10.

👮‍♂️ Abanyagihugu hamwe n'abajejwe umutekano bamaze gushika aho uwo muriro wadukiye kugira bagerageze gutahura icawuteye no gukingira ko wokwira ahandi, mu gihe hakirindiriwe ko abajejwe kuzimya umuriro bahashika.

📰 Turabandanya gukurikirana uko ibintu vyifashe.

Ibi sivyo na gato❌🚀 Hari abantu bavuga ngo abahinga bagiye ku kwezi ngo bagiye muri mission yo guhura n' ibindi biremwa ...
06/04/2026

Ibi sivyo na gato❌
🚀 Hari abantu bavuga ngo abahinga bagiye ku kwezi ngo bagiye muri mission yo guhura n' ibindi biremwa . Bamwe barakoze n' amafoto ari imaginaires nk' aya mubona berekana ko bicaranye na aliens. Ibi sivyo.
Ntakintu cerekana ko Ku kwezi hariyo ibivejuru.
Ikindi mwomenya nuko abahinga bari muri vyitezwe ko baza gushika ku kwezi Kuri uno wambere igenekerezo rya 06/4/2026, none bicaranye navyo Ku kwezi gute kandi bataranashikayo?
Ikindi nuko batazova mu kigendajuru barimwo. Ivyo bazokora vyose bazoguma mu kigendajuru .
Komeza mudukurikira fyonda ukomeze kubona ivyo tubashikiriza. Merci bcp

Address

[email protected]
London

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Le cil de tous magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category